BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dudu ngo ntatunzwe n’umuziki kandi ntiyigeze awugira akazi

Dudu ngo ikimutunze kikamutungira n’umuryango, ngo n’ubufundi s’umuziki. Ivyo aheruka kubiyagira abari bakoraniye.

Muri iryo koraniro ryabarizwamwo urwaruka rutari ruke, uwo muririmvyi yamenyesheje ko muri Kenya iyo yasuhukiye ngo ikimutunze n’akazi k’igifundi.

Muri ico kiganiro cabereye ku muhora ngurukanabumenyi nyene, yamenyesheje ko umuziki atigeze awufata nk’akazi ariko yahufashe nk’ishikanwa ashikiriza Imana.

Muri ico kiyago cari categuwe na DNF (Dieudonne Nahimana Foundation) bavuze kuri vyinshi, ariko ico bashaka kwigako n’uburyo umuntu ashobora gukora kugira ateze imbere ingabire yiwe gushika yaho atungwa nayo.

Aha mukamenya ko Dudu asanzwe afise Application isanzwe igurishwako umuziki yiswe XWAV amaze igihe yarashinze. Dudu kandi akaba ari umwe mu baririmvyi ndundi bakora umuziki wo guhimbaza Imana basanzwe bakunzwe muri kano karere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775