BurundiAkes DonBurundi-GospelEntertainmenthomepagekirundiMiss Burundi 2019musicPassport

Dudu Niyukuri avuga kw’ibangira rwiwe mu kuririmba mu rurimi rw’ikirundi

Dudu Niyukuri ngo ntiyiteze gusiga abamukurikira ngo arondere abandi bumva izindi ndimi, ariko avuga ko agiye kugumana nabo kandi yongera arondera abavuga izo zindi.

Dudu Niyukuri ngo agiye guhindura ururimi aririmbamwo indirimbo nkuko aheruika kubiyagira imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo muririmvyi aririmba indirimbo z’Imana akaba avuga ko agiye gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo ziri mu rurimi rw’icongereza. Izo akaba avuga ko agiye kuzikora kuko yasanze hari abavuga ururimi rw’icongereza bamukurikirana kandi baguma bamusaba guhindura indirimbo zimwe na zimwe muri urwo rurimi.

Dudu akavuga ko urwo rugamba rwo gushaka gufata ikibanza mu bavuga ururimi r’icongereza ngo atari igikorwa coroshe kuko bizomufata akanya, ariko akizera ko bizogenda neza.

Muri ico gihe azoba ariko amenyekanisha urwo rukurikirane ruri mu congereza, akaba avuga ko azoba yashize ahabona urundi rukurikirane ruri mu kirundi, urwo akaba azoba arusigiye abakunzi b’ibikorwa vyiwe ngo bikunde ntibarwe umwumwa, nkuko yabiyagiye Akeza Web Tv.

Bamwe mu bakunzi b’ibikorwa vyiwe bakaba bavuga ko batovyakira neza nka hamwe ataco abasigiye, ariko abandi nabo bakavuga ko uguhindura ururimi ataco bibabwiye kuko basanzwe bazumva zose. S’ico gusa kuko hari n’abavuga ko uguhindura ari ngirakamaro kuko n’abandi nabo bakeneye kwumva ubwo butumwa uwo muririmvyi w’inararibonye ashikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776