Basketballkirundikirundi_Sports

Dynamo ikoreye urubanza Kern

Kuri uno w’imana igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2021 niho hamenyekanye umurwi watahukanye ikibanza ca mbere muri basketball i Bujumbura, ico kibanza kikaba catahukanye umurwi wa Kern inyuma y’imyaka cumi n’itandatu Kern itaba iya mbere mw’ishirahamwe rya basket-ball i Bujumbura ACBAB .

@Isano Magazine
@Isano Magazine

Inkino za mbere zakinywe ku munsi wa gatandatu isaha indwi Muzinga yirahiye Mutanga United 89 kuri 79. Mu rundi rukino rwo kuri uwo musi New stars yatsinze les hyppos 67 kuri 57 bica bituma uwo murwi uja mu mirwi ine ya mbere vy’imfatakibanza.

Ku munsi w’Imana izo nkino zarabandanije ku kibuga Toyota Gikungu zikaba zahuje Kern na Gymkhana , Kern niyo yatahukanye intsinzi y’amanota 68 kuri 65 .

Haciye hakurikira urukino rwari rurindiriwe na benshi benshi bataziriye Krasiko rukaba rwahuje abakeba Dynamo na Urunani.

Mu rurwo rukino Dynamo itsinze vyatuma Kern itwara igikombe , Urunani rutsinze vyatuma Les hyppos na Muzinga bibisira New stars mu mirwi ine ya mbere muri iryo higanwa ariko kubera haburana babiri hagatsinda umwe, Dynamo Imenyerezwa na Karabe Jeannou Merlin niyo yatsinze Urunani rwa Kagabo Aron ku manota 72 kuri 71.

*Ibiharuro vyaciye bihinduka*

Gutsindwa kw’Urunani bitumye Kern itwara igikombe , Dynamo nayo icitwara ikibanza ca kabiri Urunani .

*Umwihwezo*

Mu ntango Urunani rwasatiriye cane Dynamo biciye ku bakinyi nka Sunzu,Orly, Jean Luc , Yves na Ncolo ariko mu gace ka nyuma Dynamo yivyukiranije kubera ko vyaboneka ko abakinyi badugana imipira barateba bararuha habuze umukinyi yabunyoye muri ico gisata ku buryo vyabonetse ko Zirahiganwa Davy iyahaboneka yari kugobera Jean Hakizimana ari nawe yahaye intsinzi Dynamo afadikanije na bagenziwe Shabani Vyamungu , Emmanuel Nkuru , Richard Ndikuriyo n’abandi .

Muri rusangi imirwi yompi yerekanye urukino rwiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 637