Basketballkirundikirundi_SportsSport

#Dynamo – Urunani mu rukino rutoroshe

Rumwe mu nkino zirindiranywe igishika mw’ishirahamwe rya basket i Bujumbura, mu mpera z’ino ndwi kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2021 rukazohuza Urunani rubarizwa mu kibanza ca Kabiri na Dynamo ibarizwa mu kibanza ca kane vy’infata kibanza .

 

Urwo rukino rukazobera ku kibuga Toyota Gikungu.

Kuri uyu w’Imana ntibizoba vyoroshe hagati yiyo mirwi yompi nkuko vyashikirijwe n’abamenyereza mu kiganiro c’inkino caciye kuri Buja fm.

Akabirya kari muri urwo rukino n’uko Dynamo yagarukanye umwe mu nkingi zayo ariwe Richard Ndikuriyo aheruka kwinjiza amanota 30 mu rukino rwahuje Dynamo na Gymkhana , vyemezwa na Karabe Jeannou amenyereza Dynamo .

Ku ruhande rw’ Urunani bemeza ko kuba Richard ahari ataco bihindura kuko biteguriye umurwi wose muri rusangi kandi bizeye intsinzi nkuko Aron Kagabo yabimenyesheje Buja fm.

Aganira na B- sport umumenyereza wa Kern Joris Ndumutima yavuze ko ihiganwa ry’uno mwaka rikomeye ngo narirya ari irya mbere hahiganywe imirwi icenda akaba yatangije amenyesha ko yifuza ko Dynamo yotsinda Urunani kugira Kern yiyongereze amahirwe yo gutwara igikombe mu gihe botsinda Gymkhana.

Mwomenya ko Dynamo Isabwa gutsinda inkino zibiri canke urukino rumwe kugira ije mu mirwi ine ya mbere , Kern isabwa ko Urunani rutsindwa kugira itware igikombe ataruko Urunani rutsinze Dynamo na Aigle noir hama Kern igatsindwa mu rukino rumwe izoca itakaza igikombe.

Mu kurangiza abo bamenyereza ba Kern,Urunani na Dynamo, basavye abarongoye basket bo bokwitaho icicaro ca kabiri .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 637