BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Edisson Ndayahoze ngo abaka amafaranga mu kubashirako

Abahora bidoga ko Edisson Ndayahoze ngo akunda bamwe mu kubamenyekanisha ku rubuga rwiwe rwa Facebook, abandi akabatera akagere, ngo barihenda cane. 

Uwo mumenyeshamakuru akorera insamirizi y’imicokama ngo uno musi ntagitaha zirayoye nk’uwuvuye kuragirira inarume, kuko urubuga rwiwe rwa Facebook aruvyaza umusaruro rukamwinjiriza agafaranga.

Ndayahoze akunze kwitwa Sinzoceceka, avuga ko uno musi Hari abatari bake mu bagize igihe baboneka kuri urwo rubuga ngo batanga amafaranga kugira babashe gushirwako.

Ivyo yatanguye ari ugufyina, ngo kuva abonye abantu bamaze kuranga 100,000 ngo yaciye atangura kubona ko ivyo akora kuri urwo rubuga vyomubera akazi.

Ndayahoze akaba yabwiye Hosy Irakoze ko uwuzi ico ariko arakoresha urwo rubuga rwiwe rwa Facebook ngo ashobora kuruvyaza umusaruro rukamutunga.

Mwomenya ko Ndayahoze afise urubuga rwa Facebook rufise abantu bariko barababa 180,000.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775