BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Eduin Trond avuga ko yizeye kwiheka kuri Vichou kugira ashike kure

Eduin Trond ngo kuva ashitse muri Peace and Love arafise vyinshi yahigiye, kimwe muvyo avuga n’ukuririmbira hejuru, kuko ubwa mbere ntivyamukundira, kuko iziri hejuru ngo yategerezwa kuzimanura akazishira hasi. Ivyo n’ivyo aheruka kuyagira imboneshakure Indundi Tv. 

Uwo muririmvyi akaba kandi yamenyesheje ko yizeye ko Vichou nk’umuhumure bemera, azomufasha kugira bikunde ko ashobora gusohora indirimbo ifise akanovera, kuko muri kahise izo yabashije gushira ahabona ngo ntaco zamufashije kubera ataronka  umwanya wo kuzitondera. 

Trond avuga ko muri kino gihe afise indirimbo amaze guheza kwandika naho atarabasha kuyijana muri Stuidio, aho akaba kandi yanamenyesheje ko Ashima kuzosohora nke ariko ngo zizoba zifise akanovera. 

Mwomenya ko uwo musore imbere yuko aririmba muri Peace and Love yabanje kuririmba mu wundi murwi hano I Bujumbura, ariko nawo akaba yari yawinjiyemwo aruko avuye I Ngozi mu yindi mirwi. Ariko hagati aho akaba ari umwe mu bigeze kwitabira Primusic muri iyo ntara ya Ngozi kandi akanashika kuri muri ayo mahiganwa. 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775