BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emelance agiye gukorana na Uncle Austin

Emelance Emy agiye gukora Karaoke I Kigali mu Kibanza c’umwe mu baririmvyi bakomeye i Kigali.

 

Ku bakurikirana urubuga rwa Instagram rw’uyu muririmvyikazi, aheruka kwerekana ko ubu agiye kuza arakorera Karaoke buri musi wa 4, mu Kibanza citwa Uncle’s Restaurant & Lounge.

Ico Kibanza kikaba Ari ikibanza c’umuririmvyi w’umunyarwanda akaba n’umumenyeshamakuru Uncle Austin, uyu akaba yaranigeze kuririmbana na Yoya Jamal.

Hampande yaho, amakuru dufise Nuko hari n’ikindi Kibanza kiri mu gace kitwa Remera I Kigali yoba agiye gukoreramwo.

Emelance akaba azoba agiye mu gitigiri c’abaririmvyi b’abarundi bagize igihe Ari ba rutumwako mu ma Karaoke i Kigali. Muribo hakaba harimwo na Christian Ninteretse asanzwe anarongoye Chorale ibarizwamwo abarundi batari bake isanzwe iririmba mu rusengero rwa Katolika I Kigali.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775