BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Emelance Emy agiye gushira ahabona akaririmbo gashasha

Imyaka yarigiye kuba 4 umuririmvyikazi Emelance Emy adashira ahabona Isanamu n’1 y’indirimbo yiwe, ariko mu misi ya Vuba izoteturura abafana biwe.

Nkuko biboneka ku rubuga rwiwe rwa Facebook co kimwe na Instagram, uwo muririmvyikazi asigaye akorera ibikorwa vyiwe I Kigali, agiye gushira ahabona Indirimbo nshasha.

Iyo ndirimbo nshasha izoba ifise akazina ka Urugendo, ikaba izoba ije isanga akandi yari yashize ahabona haraheze imisi 270, ariko ko Kakaba kasohorewe amajwi gusa.

Iyo ndirimbo ikaba yakorewe amasanamu I Bujumbura Aho yari mu karuhuko, ariko amajwi yo akaba yakorewe I Kigali, akorerwa muri Studio kwa Fabrice Nzeyimana.

Emelance Emy akaba ataramenyesha neza ryari izoshirwa ahabona, ico yashikirije gusa Nuko iri mu nzira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775