BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Emelance Emy yoba agiye gusubirira Esther Nish mu maboko ya DJ Jackson?

Ibikorwa bishasha ngo vyoba biriko birategurwa, bigiye gushirwa ahabona, ivyo nivyo tubona biheruka gushikirizwa na Emelance Emy hamwe na DJ Jackson.

Akoresheje Facebook yiwe, Manager Jackson aheruka kumenyesha ko Emelance Emy hari ibikorwa vyiwe biri mu nzira.

Yanditse agira ati :” ibaze ibije, Tugura ama Headphone yanyu, kugira mushire bishasha muri Playlist yanyu.”

Emelance nawe akaba hampande yo gusangiza nawe ubwo butumwa bwari bwashizwe ahabona na DJ Jackson, akoresheje urubuga rwa Whatsapp akaba yaciye asangiza abantu ishusho ya Dj Jackson, yandikako ngo ” Manager”.

Ubwo butumwa bukaba bwateye amakenga, kuko ata kirashikirizwa ko Emelance Emy nyoba yafashe ikibanza ca Esther Nish muri Bukiv Lab, kuko Emy yaragize igihe akorana na Digital Distribution, isanzwe yegamiye Kuri Bukiv Lab, mu kugurisha Indirimbo ziwe Kuri za mbuga zigurisha umuziki.

Biba arivyo, Emelance Emy akaba yoba yinjiye ubwa mbere muri Label, nayo Bukiv Lab, rikaba rizoba ribaye irya mbere bakorana vya hafi n’umuririmvyi wo ku rugero rwa Emelance Emy.

Mukamenya ko Gushika ubu Label ya Bukiv ata muririmvyi bafise, uretse ko bakorana n’abaririmvyi batari bake mu kubafasha kudandaza ibikorwa vyabo ku mbuga ngurukanabumenyi, biciye muri Digital Distribution.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,887