Ishirahamwe rya ONU rijejww igwirirana ry’abantu kw’isi UNFPA Burundi rifadikanije n’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB) babateguriye ihiganwa rito ry’abigeme bitiriye izina rya Women Sumer Cup , .
Iryo higanwa rikaba ribaye mu ntumbero yo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe igwirirana ry’abantu , bakaba barihaye icivugo kivuga giti ‘’dushigikire umwigeme n’umukenyezi mu bisata vyose no mu nkino barashoboye ‘’
Iryo higanwa rikaba rizobera mu Kayanza ku kibuga Gatwaro kuva kw’ igenekerezo rya 29 gishika igenekerezo rya 30 muri kuno kwezi kwa Mukakaro 2023.
Ikirangamisi kikaba kimeze uku gukurikira .
⚽️Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 29 Mukakaro 2023 hazokinwa inkino zo mu cicaro ca kabiri .
– Umugwi wa Arena uzohura na Kazoza Fc isaha Umunani 14h00.
– Maika Fc nayo ihure na Sezerano Fc isaha icumi 16h00 .
Ku musi w’Imana igenekerezo rya 30 Mukakaro 2023.
– Imigwi izoba yatsinze ku musi wa gatandatu izoca ikina ku musi w’Imana urukino rwanyuma ( Finale ) Isaha zitatu zo mugitondo 9h00 .
– Isaha zitanu zo mu gatondo 11h00 , hazoca hana urukino rukomeye rw’imigwi y’abigeme ikina mu cicaro ca mbere . iyo nayo ni Buja Queens wabaye ywa mbera utwara igikombe c’ihiganwa ry’abigeme ryitiriwe Lumitel Womens League 2022-2023 , hamwe n’umugwi wa Fofila Pf w’Ingozi wafashe ikibanza ca kabiri .



















