BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Emelance ngo ntagisubira kunyoteza abafana biwe

Abaririmvyikazi b’abarundi bariko barakora ngo ni benshi cane, Kandi bariko bakora neza.

Emelance Emmy yahavuye ava mu gacerere, atanga ukuri ku muzo wiwe hano iwacu, inyuma y’igihe atahabarizwa.

Mu vyamushikanye hano I Burundi ahi yataye uruzogi, ngo harimwo ugukora ibikorwa bimwe bimwe vy’umuziki, birimwo n’isanamu ry’indirimbo ryitezwe Vuba.

Mu kiyago na Adijoe, uwo muririmvyikazi yavuze ko afise umugambi wo kuririmbana n’abaririmvyikazi bariko barakora, ariko ko adashobora kuvuga izina ryiwe, kuko ataco baravugana.

Emelance muri ico kiganiro yijeje abakunzi biwe kudasubira kubanyoteza kuko yafashe umwanya wo gukora ibikorwa bitari bike, gutyo ngo ntagisubira guteba gusohora indirimbo.

Emelance akaba azoba asohoye amasanamu y’indirimbo inyuma y’imyaka hafi 3 adasohora amasanamu y’indirimbo, ariko hagati aho akaba yaheruka gusohora indirimbo ya nyuma mu mwaka uheze Aho yasohoye iyiswe One day.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775