BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Emery Sun agiye guhindura ibitari bike

Ibitari bike vyari bimuzwi Kuri Emery sun nko kudasohora indirimbo nyinshi, ngo bigiye guhinduka muri uno mwaka wa 2019.

Mu gihe azwiko kudakora amasanamu hamwe n’ugusohora indirimbo nke mu mwaka, Emery sun avuga ko uno mwaka atariko bizoba bimeze. Avuga ko uno mwaka ibintu bizoba bitandukanye kuko yahejeje kuvyitegurira.

Ivyo yiteguriye, Emery sun avuga ko ari isohoka ry’indirimbo zitari nke muri uno mwaka wa 2019, nkuko yabiyagiye Indundi magazine mu kiganiro baheruka gukorana.

Emery Sun muri ico kiganiro avuga n’iyi ndirimbo nshasha DAWA aheruka gusohoka ngo buca kabiri akayisohorera amasanamu. Akavuga ko yari yipfuje kuyishira ahabona n’amasnamu yayo, ariko akavuga ko yabonye ko hari haheze imisi myinshi adashira ahabona akaririmbo, aca ahitamwo kuyishira ahabona.

Mwomenya ko Emery Sun yaramaze amezi 9 adashira ahabona akaririmbo na kamwe, nayo mu myaka 5 iheze akaba amaze gushira ahabona amasanamu make cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775