BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery Sun ati :”Bibandanije uko biri, iyindi ni vuba gose.”

Gushika mu kwezi kwa 5 kw’umwaka uza ngo indirimbo 2 zishobora kuba zamaze gushirwa ahabona. Uwo ni Emery sun yabishikirije.

Nka hamwe akaririmbo Ongereza kobandanya gukora ibikora inka nk’uko kagize igihe kabikora, Emery sun avuga ko ata nkeka mu ntango z’ukwezi kwa 1 mu mwaka wa 2020 azoshira ahabona akandi karirimbo.

Emery sun akaba kandi avuga ko hageze ko asohoka ngo aboneka uko abandi bakora, s’ico gusa kuko ngo anipfuza ko vuba akora ama Collabo n’abandi baririmvyi.

Emery sun akavuga ko inyuma y’akaririmbo ashobora gusohora mu kwezi kwa 1, mu mezi ari hagati y’3 n’4 ashobora guca ashira ahabona iyindi ndirimbo. Ariko ngo bizovana n’uko azoba abona igihe kimeze.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe azwiko ukudasohora indirimbo nyinshi cane mu mwaka. Mu myaka iheze ho akaba yasohora 1 gusa mu mwaka ariko bisa n’ibihindutse atangura gukora izirenga 2 mu mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775