BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery sun na Meili yoba Couple ya mbere

Emery Sun na Meili ngo yoba ari Couple ya mbere muri Buja Flave, uko niko abagize ico bashikiriza kw’i foto yabo uko ari 2 babibona.

Kuri uyu wa mungu, umuririmvyi Emery sun yanditse amajambo akomeye yandikira umuririmvyikazi Meili, aho yariko yerekana ubucuti bafitanye co kimwe n’ikibahuza.

Emery sun yanditse agira yagize Ati : ” Meili umugenzi ni nyakuramba, wawundi muyaga mugahuza, maze Musique ikaba ururimi rubahuza gusumba.”

Ubwo butumwa bwaherekejwe n’ishusho the.. aho barikumwe muri The Key Bar, bukaba bwakunzwe n’abatari bake, bamwe muribo babuvugako.

Abatari bake mu bagize ico bashikiriza, bavuze ko Emery Sun na Meili baramutse bagiye mu rukundo, ngo yoba ari Couple ya mbere muri Indundi Musical ya hano iwacu.

Meili akaba atoroheje ico kiyago, kuko nawe yahavuye yakiriza amajambo aherekejwe n’ikimenyetso c’umutima ivyo vyashikirijwe na Emery sun, Aho yagize Ati:” Ukuntu dutesa rero je nawe 😍 Emery Sun ndagufise ❀”

Meili akaba atareka kuvugwa mu rukundo n’aba na bariya. Agitangura kumenyekana cane muri uno Muziki, uwo muririmvyikazi akaba yavuzwe kuba mu rukundo na B Face, kubera ko bari abantu ba hafi cane. Ubona ko banakoranye Indirimbo zitari nke.

Inyuma ya B face, hahavuye havugwa ko Alan The Real akorera Indundi Tv, ko yoba nawe ari mu rukundo n’uwo mwigeme, naho Alan nawe yabihakanye. Urwo rukundo narwo rwavuzwe bivanye n’uko Ariwe mumenyeshamakuru yabaye hafi uwo muririmvyi mu bikorwa vyiwe vy’ukumenyekanisha umuziki.

Ubu ababonye iyo Foto yifotoreje hamwe na Emery Sun bakaba bamubonyemwo umwigeme yoberana n’ico gicocoro muri uno Muziki.

Mwomenya ko Meili na Emery sun basanzwe bazwiko gukora ama karaoke, bakaba bari mu mugwi  ubica bigacika hano iwacu, ariko Kandi akaba n’umuntu wa hafi yanigeze kwikorako mu masanamu y’imwe mu ndirimbo ziwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775