BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery sun na Yves Kolly boba bagiye gukorera muri MW Media?

Emery sun yoba ariko ategura igikorwa gishasha muri Studio nshasha hano mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Emery sun ubwiwe aho yasangiza abamukurikirana amashusho y’igihe yari yagiye gutemberera iyo nzu.

Iyo nzu y’ubuhinyanyuzi nshasha, ikaba Ari MW Media yagendewe n’uwo muririmvyi. Muvyo yashikirije kuri urwo rubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyi yamenyesheje ko atigera aruha no kuja muri Studio, eka ngo arakunda kuja gufata amajwi, no Kubaza, mbere no kugerageza ibintu bishasha.

Naho atatomoye ko yoba ariko arakorera igikorwa muri iyo Studio, mu mafoto amaze imisi ariko arakwirakwizwa ku mbuga ngurikanabumenyi n’umunyarusaku Nelly Nat, hakaba habonetsemwo umuhinyanyuzi Kolly the Magic muri iyi Studio.

Ku babizi, Kolly The magic niwe muhinyanyuzi wa Emery sun kuva kera cane, Indirimbo zitari nke zikaba zimaze gukorwa n’abo bagabo uko ari 2.

Naho atakiravugwa, uguhurira muri studio imwe Ari Emery sun n’umuhinyanyuzi wiwe Yves Kolly bikaba ari kimwe gishobora kuvyara Indirimbo nshasha.

Emery sun akaba yaragize igihe ari mu biteramo vy’urutavanako hagati mu gihugu, akaba ataheruka gushira ahabona igikorwa na kimwe.

Indirimbo ya Emery sun ya nyuma ikaba ari Tagata yashize ahabona haraheze amezi arenga 5. Iyo ndirimbo ikaba ariyo ndirimbo yonyene yasohoye muri 2022, kuko indyarya yayisohoye muri kigarama 2021.

Emery sun akaba ariwe muririmvyi ari mu bamaze igihe bari mu Muziki bakibandanya gusohora Indirimbo nke cane buri mwaka, bitandukanye n’abubu aho amezi 2 aheze, haba hageze ko asohora iyindi.

Naho adasohora nyinshi we, ama Collabo akaba atareka kuyakora, kuko muri ibi bihe biheze yabashije gukorana n’abaririmvyi batandukanye ku ndirimbo zabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775