Burundihomepagekirundikirundi_Sports

Emery Sun ngo abaririmvyi n’indyadya gusa

Emery sun ngo abaririmvyi bose n’indyadya gusa, ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu ikiganiro aheruka guha Imboneshakure Indundi Tv. Muri ico kiganiro akaba yagarutse ku bibazo bitari bikeyabajijwe.

Emery Sun abona ko abaririmvyi ba hano iwacu ngo ari indyadya gusa, ngo ntibakunda kandi no kwubahana ngo ntibirimwo, kandi iyo ariyo yobaye inzira nziza yo kugira umuziki wacu utere imbere.

Emery Sun avuga ko abo baririmvyi batabwizanya ukuri, abandi nabo bakabeshanya. Ariko ico kikaba kitabuza ko uwuriye umuti amenyo nkawe agize ico avuga kitagenda neza, ngo bose baca bamushigikira kuko yavuze ukuri, ariko bo badashobora gucira no hasi.

Emery sun muri ico Kiganiro kizosohok Vuba cane, avuga kandi ko umuziki wacu utaratera imbere kuko abaririmvyi bakibayeho nabi. Akavuga ko kubwiwe kugira yemeze ko umuziki wateye imbere aruko abaririmvyi bahamagarwa mu biteramo bikomakomeye mu mahanga, bakazana ubushimwe buvuye mu mahiganwa, ngo aho niho azoheza akavuga ko bamaze gutera imbere.

Mwomenya ko Emery sun aheruka gushikiriza ko ari mu baririmvyi indirimbo zabo zitavuzwa mu Nsamirizi zitari nke, aho ariko ngo akaba Atari wenyene nkuko yabishikirije mu misi iheze, ariko ngo arikumwe n’abandi batari bake, bamwe abatanga amazina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878