BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery Sun ngo nawe agiye kwerekana Collabo n’umunyamahanga

Inyuma y’ukumenyera gukwiza Views 100,000 mu ndwi imwe kuri YouTube, n’ukuronka indirimbo zitari nke zikwiza Views 1,000,000 kuri YouTube, ubu ikigezweho ni Collabo zo hanze y’igihugu.

Ico kimenyerewe kubwa Emery Sun ngo nticihutirwa cane, kuko izo Collabo ziza igihe kigeze.

Emery Sun anemeza ko naho imyaka iheze atanguye umuziki atari mike, ngo nawe yatanguye kubona ko zikenewe kuko zifasha umuririmvyi kwagura imbere.

Yagize ati : ” Emery Sun ntarakora Collabo yo hanze kuko ndacakora umuti ngaha.” Yongerako ngo :” Nanje ama Collabo yo hanze nibaza ko azoboneka.”

Big Fizzo nawe nyene akaba ari mu gitigiri c’abaririmvyi Collabo z’abaririmvyi bo hanze atazirukira cane, kuko kubwiwe ngo bikwiye gufasha izo mpande zose uko ari babiri, kandi bose uko bakoranye bagafashanya mu kumenyekanisha iyo ndirimbo uko ari babiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775