BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery Sun yabemereye ko agikomeye atazo bazomuburana

Emery sun yijeje abamuhaye icumu ry’umuryango kutazobatetereza, kandi kuzohagarira izina ry’umuhisi papa wiwe, nayo batonya biwe bon go ntaco bazomuburana.

Kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 28/7 niho umuririmvyi Emery Sun bamushikiriza icumu ry’umuryango nkuko biboneka ku mashusho yaraye ashize ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Emery Sun akaba yanaboneyeho akaryo ko kumenyesha uwo muryango ko atazobamaramaza, yemera ko izina ry’umuryango azorihagararira. Ivyo akaba yabiherekeje ishusho afise mu ntoke icumu yarahejeje guhabwa.

‘Ndashimiye umuryango kunyizera nanje sinzobamaramaza, izina ry’umuryango wa Ndayiziga Joseph nzorihagarira”

Ivyo bikaba vyabaye mu gihe bari bamutse baganduka ku muhisi Ndayiziga Joseph akaba na papa wiwe. Uwo muhisi yitavye Imana mu mwaka wahera bivuye ku ngwara yaramaranye igihe.

Emery sun kuri urwo rubuga rwiwe rwa Whatsapp mu gice citwa Status akaba yijeje batonya biwe ko ataco bazomuburana, ngo azokora uko ashoboye baronke ico bipfuza.

“Ndabakunda mwese kandi ngihumeka, ngifise inguvu zogukora ntaco muzomburana, ndabakunda ndabakunda.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775