BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery sun yagereranije abaririmvyi ndundi n’abana bo mw’ibarabara

Emery sun aremeza ko abaririmvyi ari mu ba mbere batuma umuziki ndundi udatera imbere, ngo bivuye ku nyifato zimwe zimwe bifata zirimwo ugutukana ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko kandi n’ukudahurumbira amashure.

Mu kiganiro Project ca Betv, uwo muririmvyi avuga ko nimba hari umuririmvyi yibaza ko ivyo bikoze ku mbuga ngurukanabumenyi abategetsi batabibona, ngo barihenda cane. Kubwiwe ngo ukwo kutitwara neza ni kimwe mu bituma atawipfuza gushigikira abo baririmvyi.

Emery yanavuniye akagohe abategetsi ko igihe kikiri hafi co gufasha abo baririmvyi kugira bafate inzira nziza, bave muri izo ngendo mbi bafashe. Muri ico kiyago Emery sun yagereranije abategetsi n’umuvyeyi atererana umwana akaja kwimenya, noneho akahigira ingeso mbi, noneho umuvyeyi akazokenera kuja kumugarura amazi yararenze inkombe.

Muri ico kiganiro nyene Emery yagarutse ku buzima bw’ikibanza cakorerwamwo ibiteramo bitandukanye mu Kanyosha aho asanzwe aba, akavuga ko icatumye ico kibanza kitakiberamwo ivyo bikorwa, harimwo n’impamvu zavuye ku batware batwara Kanyosha ico gihe.

Emery avuga ko ico gihe ukudaha ikibanza gikwiye umuziki vyaranze abatwara iyo zone ikiri ikomine vyatumye n’abaririmvyi babona ko bariko bavomera mu kiva, ngo noneho bamwe, nawe nyene arimwo, baradebukirwa bafata inzira yo kuronderera ahandi ubuzima ahandi. Uwo wanditsi wa wawundi akanemeza ko mu vyatuma komine kanyosha igenderwa cane, umuziki waza mu vyambere.

Mwomenya ko Emery sun ari mu baririmvyi b’inkehwa b’abarundi bafise impamyabushobozi y’amashure ya kamenuza, kandi anabandanya aririmba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775