BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery Sun yatanze urutonde rw’abaririmvyi 5 batakivugirizwa indirimbo

Mu gihe Emery sun afise akababaro kenshi ko hari abamenyeshamakuru bamwe bamwe batakivuza ibikorwa vyiwe, uwo muririmvyi avuga ko atari wenyene kuko hari abandi batari bake nabo batavuzwa.

Mu kiyago na Michou Miracle, uwo muririmvyi avuga ko ikimubabaza gusumba ngo n’ukuntu abo bamenyeshamakuru bamubwira ko yandika, aririmba kandi agakora amasanamu meza ariko ngo bikarangira indirimbo ziwe zivugijwe akanya gato.

Muri ico kiyago nyene, Emery yavuze abo baririmvyi batakivuzwa, aho avuga ko harimwo abakera bo mu runganywe rwiwe n’abakiri bashasha. 5 muribo akaba yavuze R flow, Rally joe, Black g, Fabelove na Double jay.

Yagize ati : ” Hariho R Flow ntavuzwa, hariho Black g we no kumuhamba baramuhamvye. Hariho RallyJoe, ubu ho yasohoye indirimbo z’Imana, Imana imufashe basubire kumuvuza. Hariho Fabelove, mpora numva akora Hiphop nziza, kumuvuza… Hariho Double jay, irya Team ya Bantu bwoy abavuzwa ni bake.”

Aha mukamenya ko Emery sun ari mu baririmvyi basanzwe bakora Karaoke cane, ariko akemeza ko bitari mu bituma abantu batitaho ibikorwa vyiwe kuko we asanzwe aririmba indirimbo zo mu myaka 50 iheze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775