BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Energy ya Don Brighter ngo yamutangaje

Indirimbo Energy ya Don Brighter afatanije na Social Mula, D one na Vania Ice yamaze gukwiza incuro 100,000 imaze kurabwa ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi.

Iyo ntambwe iyo ndirimbo ishitseko, uwo muririmvyi avuga ko atayibona ibisanzwe, ariko ngo n’intambwe ikomeye cane ashitseko, Kandi n’iteka atewe. Ivyo Don Brighter akaba aheruka kubishikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu gice ca Storie aho yararamutse asangiza abamukurikirana ako kanyamuneza.

Uwo muririmvyi yanditse agira ati:” Sinshobora gufata ibi minenerwe, mwa Bantu mwe mwarantangaje Kandi mwampaye umuhezagiro w’umwaka. Reka tubandanye dukayangana.”

Kwi foto uwo muririmvyi yasangije abamukurikirana kuri urwo rubuga, akaba yerekanye ibimenyetso bimwe bimwe vyerekana ko ivyo yabonye Atari avyiteze.

Ivyo bimenyetso ni nka Views, imisi imaze isohotse, abantu afise bamukurikirana co kimwe n’ama likes ari kuri iyo Video.

Ni nkaho yavuze ko afise abamukurikirana 10,500, Indirimbo yiwe Energy itari kuronka Views 106,000 n’ama Likes 6,900 mu misi 4.

Dukora ino nkuru iyo ndirimbo ikaba itari ifise views kuko yari yamaze kuharenga, Aho yari imaze gushikana views 134,000, abamukurikirana bakaba bari bageze ku 10,800, nayo likes ziba Zari zigeze ku 7200.

Izo views zikaba zaciye zishira iyo ndirimbo mu Kibanza ca 2, mu ndirimbo ziwe zimaze kurabwa cane, aho iya mbere ari Profile yakoranye na Social Mula imaze kurabwa incuro zirenga 166,000 mu kiringo c’umwaka urenga imaze ikozwe.

Indirimbo za Don Brighter zimaze gukwiza izo Views zikaba ari Indirimbo 3, iya mbere ikaba ari Profile nkuko nari ndabivuze, iya kabiri akaba ari Energy, nayo iya 3 ikaba ari NIONYESHE yakoranye na Amber lulu umu Tanzaniyakazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775