featured sportArsenalChelseahomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Enock Nsabumukama ashobora gutumwako mu Ntamba

Umukinyi wo hagati w’umugwi Zesco United nawe nyene ashobora kutumwako mu Ntamba mu rugamba .

Amakuru yizewe ava hafi mu yabegereye ishirahamwe ry’umupiwa w’amaguru mu Burundi FFB avuga ko umukinyi Enock Nsabumukana ashobora gutumwako mu rutonde rw’abakinyi intamba mu rugamba zizokwifashisha mu rukino ruzobahuza n’igihugu ca Gabon mu kwezi kwa Ntwarante mu rukino rwo kurondera itike ryo gukina mu gikombe c’africa CAN 2019 kizobera muri misiri .

Ayo makuru yo gutumwako mu Ntamba avuga ko Enock aje inyuma y’imyidogo myinshi abakunzi b’intamba mu rugamba bari bamazemwo igihe bakabona ko uwo mukinyi yama arenganwa mu kudatumwako mu mugwi nserukira gihugu, mu mugwi Zesco United akinamwo yama atangura mu kibuga kandi agakora ibikora inka.

Enock Nsabumukama kuvaho ashikiriye muri Zesco United amaze gutorwa nk’umukinyi mwiza yaranze urukino <Man of the match> nk’incuro zitandatu.

Mukibuka ko Enock Nsabumukama yagiye mu mugwi Zesco United wo mu gihugu ca Zambia avuye mu muri Messager Ngozi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872