BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Etoile du centre ngo bagiye gusubira kandi kuboneka ku rubuga rw’umuziki mu Burundi

 

Umugwi Etoile du centre ngo ugiye kandi gusubira kuboneka mu muziki ndundi, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyi Paci Etoile du centre mu kiyago yagiraye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiyago na Epublic Tv, uwo muririmvyi yavuze ko naho uwo mugwi wasa n’uwutakivugwa ngo bagiye gusubira kandi gukora indirimbo, zirimwo izo kwumviriza hamwe n’amasanamu yazo.

Paci yanashikirije ko bitoroshe cane gufata akazi asanzwe akora ko guhinyanyura amasanamu, hamwe n’umuziki, ariko kubwiwe ngo ico ukunda, imisi yose ngo urakironkera umwanya uko bigenda kwose.

Paci avuga mu ndirimbo bazoshira ahabona mu misi ya vuba ngo ntihagire uwitega kubonamwo abagize uwo mugwi bose, kuko atariko basanzwe bakora, kuko abumvikana mu ndirimbo bizovana n’uko indirimbo yanditse.

Kuri Micro ya Marjolaine, iyo nararibonye yagarutse ku bitari bike vyaranze uwo mugwi muri kahise kabo, co kimwe n’uko abona umuziki w’uno musi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775