BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Fabelove arasigura akamaro k’amajambo akomeye usanga mu ndirimbo akora


Inyuma yaho hagiye harumvikana amajambo yo kwishira hejuru n’uko umwe wese yiyita king muri Rap, ubu Fabelove aremeza ko ariwe King muri Rap kuko ngo uwo mugereranya n’uwundi muntu kwoba ari nko gucafuza izina ryiwe ndetse abomwumva bonamutwenga.

Mukiganiro twakoranye na Fabelove abajijwe ko amajambo bakoresha mukunena aba canke bariya ataco vyica k’umuziki wiwe n’Uburundi muri rusangi yishuye agira ati :

“Iyo turirimba izi ndirimbo abenshi bita BEAF (Challenge) birafasha cane bivanye n’intumbero nyene gukora canke gusohora iyo ndirimbo aba yayihaye, n’ukuvuga ntanze nk’akarorero iyo mvuze amajambo nsa n’uwutanga ubutumwa k’umuntu naho ntadomako urutoke biratuma muri kurya kunugangwa nti yoba yavuze naka canke uyu uwo aba ariko arakekwa ko yavuzwe nawe araja muruja n’uruza rwa Muziki canke ico twokwita Entertainment akavugwa cane maze challenge igakomera ugasanga biravyura n’abaririmvyi baryamye kubwivyo sinibaza ko unuririmvyi yoterwa umutima uhagaze n’amajambo akoreshwa mu ndirimbo dukora yoba koko ari umu Rapper canke akunda Rap”.

Ivyo Fabelove avyishuye inyuma y’amajambo yahabaye inyuma yo gusohora indirimbo yiwe nshasha yise Oohh MY GOD.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775