BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Fabelove na B Face bavuze ku mahera bakorera mu muziki

Uno musi ngo hariho akaruhusho gakomeye ku bijanye n’agahembo abaririmvyi ndundi bahembwa mu biteramo, ugereranije n’uko vyari biri mu myaka y’imbere ya 2015, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na B Face mu kiganiro yahaye Indundi Tv.

Muri ico kiganiro yahuriyemwo na Fabelove na Emery sun co kimwe n’abamenyeshamakuru babiri Lenine na Lee Marvin, Fabelove nawe aremeza ko uno musi abaririmvyi bashobora gutungwa n’umuziki 100%.

Ikindi cateye imbere, B Face avuga ko ari ikijanye n’agahembo mu biteramo aho uno musi abaririmvyi barashobora kurihwa amahera ari hejuru y’1,000,000, mu gihe imbere ya 2015 barihwa intica ntikize.

Fabelove we akaba avuga ko uno musi umuririmvyi arimwo n’uwa Hiphop bashobora gutungwa n’umuziki, mu gihe aho hambere bitashoboka ko umuntu atungwa n’uwo mwuga.

Muri ico kiganiro nyene abo baririmvyi bavuga ko muri rusangi uwo muziki ndundi warateye imbere bimwe biboneka. Ico kikaba kinashigikirwa n’abo bamenyeshamakuru bari batumiwe muri ico kiganiro caremeshejwe na KING YANN COOL ku bufasha bwa Indundi Magazine.

Mwomenya ko ico kiganiro kizoboneka ku rubuga rwa Youtube rwa Indundi Tv guhera kuri uyu wa gatatu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799