homepagekirundimusic

Fabelove ngo ama Awards naherekezwe n’amabahasha

Abategura ama Awards ngo nibabitegure neza biherekezwe n’agafaranga apana ko abantu batahana ubushimwe butagira ibibuherekeje.

Fabelove akaba avuga ko ari vyiza ngo kuko ama Awards asigaye atangwa mu mice yose.

Akaba yanaboneyeho akaryo ko gushima ko Awards aheruka kuronka ngo yaherekejwe n’amafaranga 1,000,000, ico naco ngo kikaba ari ikintu ciza.

Aganira na Akeza Webtv, akaba yagize Ati :” Je novuga ko ibintu vy’ama Awards ku mudiho wa Hip Hop canke mu yindi midiho, ni sawa, urabona ko tuzironka mu mice yose. Je nsaba ko boza barabitunganya neza. Et d’ailleurs, Awards ntituzigwize mu nzu gusa, ariko tugwize n’akanoti. Nk’ahaheruka nararonse Award baca bampa umuliyoni, harya ni Fresh. Nivyo tuba dushaka y’uko na zirya zindi Awards ziherekezwa n’akanoti, apana ko tuzironka kugira dusharize mu nzu gusa.”

Ivyo uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe uwundi mugenziwe B Face , nawe yaheruka kubishikiriza ko bidakwiye ko abantu baronswa ibibaho canke ibiyo gusa, ariko ngo biherekezwe n’ibahasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757