BurundiBurundi-GospelEntertainmentGospelhomepagekirundimusic

Fabrice yahambije abandi mu kuririmbira abagumijwe mu ngo na Corona-Virus

Fabrice nawe yifatanije n’abandi baririmvyi nka Koffi Olomide n’abandi bariko barafasha abantu kumererwa neza mu ngo zabo, muri kino gihe ibihugu bitari bike vyamaze gusaba abenegihugu kuguma mu mazu kubera ikiza Ca Corona-Virus cateye isi.

Fabrice akoresheje urubuga rwa Youtube rw’umurwi Heavenly Melodies, batanguye gushirako indirimbo zitandukanye baba bariko baririmba Live ziherekejwe n’amajambo y’Imana, nkuko biba bisanzwe babikora mu masengero aho baba basanzwe bakoranira.

Kuri urwo rubuga akaba atabonekaho wenyene kuko uwo murwi wa Heavenly asanzwe atwara ubarizwamwo abatari bake. N’indirimbo ziririmbwa hakaba habonekamwo zaba iz’abaririmvyi batandukanye bazwi nkaba Appolinaire, co kimwe n’indirimbo zo mu gitabo c’indirimbo.

Akanya kadukundiye tukaba vuba tuzomuhamagara ngo atuyagire uko ico gikorwa agikora, uburyo agikoramwo, igituma yagitanguye hamwe n’intambanyi akibonamwo.

Fabrice muri kino gihe akaba abarizwa i Kigali aho ariko akorera ibikorwa, mw’isengero rya CLA risanzwe ribarizwa mu gice ka Nyarutarama.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776