BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Fatakumavuka agizwe umubeshi na Simbizi

Ibiheruka gushikirizwa n’umumenyeshamakuru w’umunyarwanda, Fatakumavuta, ko umuziki w’abanyarwanda uvuzwa cane gusumba uw’abarundi ngo n’ububeshi butagira izina.

Mu kiganiro na Juste Gael, Simbizi akurikiranira hafi ibijanye n’umuziki wa hano iwacu, avuga ko umuziki w’abarundi hano iwacu, ngo uruta uw’abanyarwanda.

Simbizi akaba avuga ko ahubwo ikihari ari uko hari abaririmvyi n’imiziki yamaze gufata ikibanza ciza mu bihugu vyabo, igica kiborohera kujabuka ibihugu.

Simbizi akaba atanga akarorero k’abaririmvyi bamwe bamwe ba hano iwacu, aribo Double Jay na Kirikou, vyavuzwe n’abamenyeshamakuru b’abanyarwanda ko bakunzwe i Kigali, ari nako bimeze hano iwacu, aho hari abanyarwanda bakunzwe kandi imiziki yabo ivuzwa.

Ukwo gukundwa kw’umuririnvyi canke indirimbo, ngo ntibica bisigura ko umuziki w’abarundi uvuzwa gusumba uw’abanyarwanda mu Rwanda, canke ko uw’abanyarwanda uvuzwa cane gusumba uw’abarundi i Burundi.

Mwomenya ko uwo abishikirije mu gihe i Bujumbura hari umuririmvyi w’umunyarwanda yari mu minwe y’ubutungane ku mvo z’amatohoza, kubera kwagirizwa ubutekamutwe [ Escroquerie].

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775