homepagekirundikirundi_Sports

FFB : Ihiganwa rya Primus league rishobora kubandanya mukwezi kwa Ruheshi

Mu misi iheze niho impuzamashirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF ryandikiye amashirahamwe yose y’ibihugu 54 bihurikiye muri CAF risaba y’uko ivyo bihugu bitanga iciyumviro ku bijanye n’ingene hosozerwa amahiganwa y’umupira w’amaguru mu bihugu kugira CAF itangure kugira integuro y’ingene amahiganwa yama itunganya azogenda.Ivyo vyose bikaba vyatumwe n’ingawara ya Coronavirus kuko amahiganwa yose yaciye ahagarikwa.

CAF rero ikaba yaciye isaba y’uko amashirahamwe yose y’umupira w’amaguru muri Africa kw’igenekerezo rya 05 Rusama abe amaze kubaha inyishu y’uko amahiganwa azobandanya canke bagaha igikombe umugwi uri mu kibanza ca mbere .

Inyuma y’ivyo bisabwa vya CAF mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ntibarindiriye y’uko iyo tariki ishika baciye bishura CAF y’uko ihiganwa ryo mu Burundi rigiye kubandanya mu kwezi kuza.

Mu kiganiro youssuf Mossi asazwe atwara igisata kijejwe gutunganya inkino mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yakoranye n’imboneshakure yo mu gihugu ca Tanzania Azam TV biciye ku murongo wa terefone yavuze y’uko batigeze barindira ngo igenekerezo rya 05 Rusama igere kugira bahe inyishu CAF ahubwo baciye babishura y’uko ihiganwa rishobora kuzobandanya kuva igenekerezo rya 01 Ruheshi umwaka wa 2020.

Mukamenya y’uko ihiganwa ryo mu Burundi ryarahagaritswe vyagateganyo bivanye n’ibikorwa vy’igihugu biriko biraba muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871