East Africa Newsfootballhomepagekirundikirundi_Sports

FIFA yuguruye icicaro mu gihugu kibanyi c’Urwanda

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA riheruka kwugurura ishami ry’ayo mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Iryo Shami rikaba ryari riri mu gihugu can Ethiopue ariko haza gufatwa ingingo yo kuyimurira icicaro.

Ico cicaro cugururwe na Gianni Infantino umukuru was FIFA arikumwe n’abashikiranganji 2, uw’ukw’inkino n’uw’imigenderanire y’Urwanda n’ibindi bihugu. Ikibanza bazokoreramwo kikaba kiri hagati mu gisagara ca Kigali.

Nkuko amakuru dukesha BBC abishikiriza ngo rizova rijejwe kugenzura ibijanye n’iterambere ry’umupira w’amaguru muri Afrika yo hagati no muri Africa y’ubuseruko.

Iryo Shami Kandi rikazoba rijejwe gutanga amakuru n’impanuro ku bijanye n’umupira w’amaguru muri ako karere ku cicaro gikuru ca FIFA kiri Zurich mu busuwisi.

Urwanda akaba rutari rwonyene mu bijanye n’ukwakira ivyicaro vy’iryo Shirahamwe FIFA, kuko ibihugu nka Senegal na Afrika y’epfo nabo bafise ivyicaro nkivyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891