BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Foto ya Alvin Smith na Nel Ngabo iteje uruhagarara

Isanamu Alvin Smith yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram ari kumwe n’umuririmvyi Nel Ngabo wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yateje uruhagarara ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Icateje uruhagarara akaba ari ikibanza abo baririmvyi uko ari 2 bifotorejemwo, aho bari imbere y’umuryango winjira mu bwiherero bw’abagore, icatangaje ababashije kugira ico bashikiriza kuri urwo rubuga rwiwe.

Abantu batari bake bakaba bashikirije amakenga bafise, aho bamwe bibajije ico yari avuye gukora muri ubwo bwiherero, abandi nabo bakabona ko ico kibanza arico cishe ifoto yabo.

Alvin ntiyabashije kugira vyinshi avuga, ariko bamwe bamwe bakaba batanguye kunuganuga ko hoba hari indirimbo yabo yoba iri inyuma.

Mwomenya ko Alvin Smith amaze imisi i Kigali, aho ariko akora ibiganiro mu nsamirizi zitandukanye muri ico gihugu, ariko kandi bikavugwa ko ategerezwa kuzovayo akoze indirimbo n’umuririmvyi waho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775