BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Foto ya Big Fizzo na Ambassador wa Nigeria ikaba yateje uruhagarara

Amashusho yerekana Big Fizzo yakiriwe n’umuserukizi w’igihugu ca Nigeria hano iwacu, yateje uruhagarara ku rubuga rw’uwo muririmvyi rwa Instagram.

Mu gihe ivyavugiwe muri uwo mubonano bitaramenyekana, abafana bo batanguye kunuganuga ko uwo muririmvyi yoba ariko ategura urugendo muri ico gihugu kibarizwamwo ibihangange mu Muziki muri Africa.

Imbere yuko umuririmvyi Mugani Desire akuraho uburenganzira kuri iyo Foto bwo kugira Comment, abari bamaze kugira ico babivugako, Bamwe bakaba uwo mubonano bawubonyemwo Collabo n’umunya Nigeria, abandi nabo bayibonamwo ukwugurura inzira z’umuziki wa hano iwacu.

Naho abafana bo bataretse kubandanya bagira ico bavuga, Big Fizzo we ntaho aboneka agira ico ashikiriza kuri iyo nkuru yaryoheye abatari bake.

Biramutse bibaye arivyo, ikaba izoba ibaye Collabo ya 1, kuko yigeze gukorana Indirimbo na Iceprince umuririmvyi w’umunya Nigeria, ariko abahinga bavuga ko itigeze imumenyekanisha cane.

Bikaba bizoba bibaye Kandi inyuma yaho uwo muririmvyi amenyeshereje ko Collabo n’abanyamahanga adapfa gukora kuko abenshi badashigikira uwo baba bakoranye, bigatuma iyo ndirimbo iba Isa nkaho ibaye impfagusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775