BurundihomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Francine Niyonsaba ngo akaruhuko kari ku musozo

Uwutarumva Audio ya Niyonsaba, yarahomvye kanini, kuko hampande y’iyo yaheruka gukora ashimira abamusengeye, ubu naho yakoze iyindi yipfuriza abamukurikirana Week end nziza.

Francine Niyonsaba kuri uyu wa gatanu yasubiriye kandi kuvuga iyindi Audio aho yariko yipfuriza abakunzi biwe Week end nziza ariko kandi anababwira ko akaruhuko kiwe gasa n’akariko karegereza kw’iherezo, kuko mu misi itari iya kera gose ngo agiye kandi gusubira mu bikorwa vyiwe vya misi yose kandi ngo akazobisubiranamwo ishaka.

Uwo munonotsikazi akaba agize igihe ari ngaha iwacu mu gihugu, ariko bikaba bizwi ko asanzwe yimenyerereza mu mahanga, naho na hano iwacu naho nyene ahakorera imyimyenyerezo itari mike. Ubwo rero ashobora kuba yariko arasezera kuko agiye gufata rutema ikirere ngo asubire mu myimenyerezo.

Ku boba batavyibuka, Francine Niyonsaba aherutse gutahukana imidari itari mike mu mahiganwa y’ukwiruka aho yanabashije gukora umwanya mwiza ku metero 2000, aho yagize umwanya ata wundi mwigeme yari bwawukore kw’isi, aca anatahukana igikombe mw’ihiganwa ryabereye ku mugabane wa buraya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 845