BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Franck G80 ngo Ari mu nzira

Kuba abantu babwirana ko yazimye, ngo nawe ubwiwe biramutwenza kuko ababivuga baba batazi vyukuri ubuzima acamwo kugira abashe gukora izo ndirimbo. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Franck G80. 

Uwo muririmvyi wa “Kuri ka kanyoni”, avuga ko naho yatevye, ngo afise ibikorwa vyinshi Kandi vyiza ariko arakora.

Franck akaba muri kino gihe ariko arategura ishirwa ahabona ry’indirimbo zizoba ziri mu rukurikirana, ariko Kandi zikazojana n’amasanamu y’indirimbo zitari nke ziri muri urwo rukurikirane.

Urwo rukurikirane rukaba ruzoba rubaye urwa mbere akoze, ariko akaba yahora asohora Indirimbo imwe imwe, iya nyuma yaheruka gusohora akaba ari Je suis là, ariko amasanamu yaheruka gusohora akaba Ari igiswi imaze Umwaka, imaze kurabwa incuro 22,000 kuri YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775