BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Gaaga Blue mu mwaka uheze yanse ibiteramo kubera ibibazo vyo mu mutwe

Inyuma y’igihe abarizwa inyuma y’igihugu, Gaga blue avuga ko yagarutse mu gihugu kandi ko ibikorwa bizogenda neza, kuko afise vyinshi ashaka gushikiriza abakunzi biwe b’umuziki.

Mu kiyago na Trending Media Tv, uwo muririmvyi yavuze ko agiye kuzokora ibiteramo vyinshi, naho mu mwaka uheze atabikoze ngo kubera ikibazo yarafise co mu mutwe. Si ico gusa kuko ngo hari n’indirimbo nshasha nayo iriko iraza.

Abajijwe nimba amafaranga bashira mu ndirimbo ziwe yinjira, kubera asa nkaho ataboneka cane mu biteramo, uwo muririmvyi yavuze ko amafaranga yinjira kuko inzira arabishamwo amaso atarizo abandi barabishamwo amaso.

Nayo ku kibazo c’uburyo yoba avuzwa muri Tanzania iyo agize igihe akorera, uwo muririmvyi yavuze ko Tanzania ari nini, ngo nico gituma atovuga ko indirimbo ziwe zivuzwa hose, ariko ngo ahakwiranye n’izina afise ngo baramuvuza. Ariko akavuga ko yizera ko igihe kizogera bakamuvuza hose.

Gaga Blue yavuze ko indirimbo z’abaririmvyi amaze kubona n’amaso yiwe zivuzwa ku mboneshakure muri Tanzania ari iziwe, iza Kidum, iza Lolilo hamwe n’iza Natacha gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775