homepagekirundimusic

Gaga Blue inyuma y’igihe kirekire ari mu gacerere ng’iyi indirimbo yiwe

Gaga ni umuririmvyi w’umurundi amaze imyaka itari mike mu mwuga wo kuririmba benshi bakaba baramukundiye style yiwe afise yisangije, yaduhaye indirimbo nshasha.

Arakunda gucishamo akaja mu gacerere ariko iyo asohoye indirimbo abamukunda barasubira bakavyuka, akarorero ni indirimbo yakoranye na Fabilove yitwa” Umwana” yavugijwe cane ahatandukanye ku maradiyo, mu bunywero no mu manza zitandukanye.

Ubu naho igenekerezo rya 28 Munyonyo 2022 niho yashira ahabona indirimbo yiwe nshasha izwi kw’izina rya Bujumbura yakoranye na Chany Queen na Mkombozi ubu ikaba iri kuri youtube yiwe
amatwi adusumira ngo vuba arayikorera Video.

Ico asaba abakunzi biwe ngo ni ukubandanya muyihanahana kugira igere kure kandi ngo ivyiza ni vyinshi biri imbere abandanya ariko arakora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757