BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Gaston Sindimwo ati:”Frojo yaradufashije gutahana abaririmvyi bari barahunze.”

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ba Jimbere magazine, Icegera c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yamenyesheje ko we n’umugabo wa natacha, Frojo, basanzwe ari incuti za cane. Ico gihe akaba yariko abazwa ko yoba asanzwe azi uwo muririmvyikazi.

Muri ico kiganiro, Gaston yamenyesheje ko Frojo asanzwe afasha cane abaririmyi, kandi ngo ari nawe yabafashije gutahukana abaririmvyi batandukanye bari barahunze, ibibazo Uburundi bwaciyemwo mu mwaka wa 2015.

Muri ico kiganiro, uwo mutware ntiyashoboye kuvuga abaririmvyi babashije gutahukanwa ku bufasha bw’uwo mugwizatunga asanzwe atwara imwe mu mahoteri akomeye ya hano iwacu, Hotel Club du Lac Tanganyika.

Mwomenya ko mubabashije gutaha bazwi cane muri kino harimwo Sat-b yari mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Ariko bikaba bigoye kuvuga ko nawe ari mu babashije gutaha bafashijwe n’umushingantahe w’uwo muririmvyikazi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799