africa newsHealthhomepagekirundiSCIENCES & TECHNOLOGIES

Ghana yatanguje Application izobafasha kuraba abashobora kuba bagwaye COVID 19

FILE PHOTO: A health worker checks the temperature of a traveller as part of the coronavirus screening procedure at the Kotoka International Airport in Accra, Ghana January 30, 2020. REUTERS/Francis Kokoroko/File Photo – RC2EUE9X5YKK

Igihugu ca Ghana catanguje Application ishirwa mu duhamagazo aho iyo izofashwa abajejwe amagara y’abantu kumenya uruja n’uruza rw’abantu, kugira hamenyekane abantu bashobora kuba bakekwako iyo ngwara.

Leta ya Ghana imenyesha ko muri urwo rugamba rwo kugwanya ico kiza, iyo Application izofasha vyinshi, kuko imaze gufasha kubona abakekwako ico kiza barenga 100. Mu gihe iyo Application izofasha kuraba ibibanza abantu bagiye bajamwo, ngo bizoca vyoroha kugira umuntu amenye abashobora kuba bahuye n’abagwayi.

Leta inamenyesha ko iyo Application izonafasha kugira babandanye bakurikirana ko abantu basabwe kwishira ahantu ha bonyene babikurikije. Ariko amakenga yo akaba ahari kuko izo ngendanwa zigezweho, Smartphone, zikoreshwa n’abagera kuri 35% muri ico gihugu.

Gushika ubu muri Ghana hakaba hamaze kuboneka abantu 641 bamaze gufatwa n’iyo ngwara, mu gihe ibisagara bikomakomeye birimwo n’umugwa mukuru Accra vyasavye abenegihugu kuguma mu mazu, Confinement.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755