BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ncuti Ya Bose ngo ibikorwa na Big Fizzo nta wundi yobishobora

Big Fizzo ngo niwe wenyene afise ubushobozi bwo gushikana umuririmvyi ku rugero rushimishije mu Burundi, ngo nta wundi abishoboye.

Ncuti ya bose agize igihe azwi nk’umu Promoter Ari mu bakunzwe mu gihugu, yavuze ko Big Fizzo ivyo yakoreye Monia Fleur, ata wundi murundi yobishobora, naho atabihurijeko n’ababonye iyo Post.

Uwo mu Promoter akaba yagereranije uwo muririmvyi hamwe n’umu Manager wa Diamond Platnumz, Babu Tale, aho yavuze ko nawe nyene muri Tanzania ariwe abishoboye kuduza umuntu mu mwanya muto.

Naho ico Ari iciyumviro ciwe, abafana bamwe bavuga ko arivyo, kuko banasanzwe Ari abafana ba Big Fizzo, ariko abandi bo bakaba bavuze ko atarivyo na Gato, kuko ngo abashikanye Monia Fleur kure, ngo atariwe na Gato, ahubwo Ari abandi. Ahubwo Big Fizzo ngo ashaka kumwihekako kugira agarukane Hit.

Abandi n’abo babashije kugira ico bashikiriza Kuri iyo Post ya Ncuti ya Bose Kuri Facebook, bakaba babona ko Big Fizzo vy’ukuri Atari wenyene ngaha iwacu ashoboye kuduza umuntu wenyene, kuko hari n’abandi babishoboye.

Ibi bikaba biriko bivugwa mu gihe Big Fizzo na Monia Fleur bafitanye Indirimbo baheruka gukora, mbere n’amasanamu akaba yaramaze gukorwa ahubwo basigaye kuyashira ahabona gusa.

Monia Fleur co kimwe na Big Fizzo bakaba baheruka gushira ahabona Indirimbo zabo, aho Big Fizzo aheruka gushira ahabona Superman, nayo Monia we akaba aheruka gusohora Hayi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757