BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Guhagurutsa Emery Sun ngo ntibizoba vyoroshe

Hageze ku gahembo gahabwa abaririmvyi iyo bariko bakora ibiteramo, abaririmvyi batari bake bakoma induru, ko badahabwa ibibakwiye.

Ico nico cabujije umuririmvyi nka Emery Sun ari muri bake bafise indirimbo ziriko zirakundwa muri kino gihe kuboneka mu biteramo bitandukanye biriko birategurwa hirya no hino.

Mu kiyago aheruka guha bagenzi bacu yamenyesheje ko muri rino ci atabuze abamuhamagara ngo aje gukora ibiteramo, ariko ngo bapfuye agahembo, kuko katari gahagaze nk’uko we yipfuza.

Emery Sun akaba kandi atareka gushikiriza ko mu misi iri imbere nawe azoba ahagaze neza mu bahamagarwa kuko azoba agezweho, kandi ko kumuhagurutsa bitazoba vyoroshe.

Emery Sun akaba asanzwe, hampande y’ukuririmba yubaka amazu, kuko muvy’amashure ari Ingenieur mu bijanye n’ukwubaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775