footballhomepagekirundikirundi_Sports

FFB : Ibihano vy’abakinyi 3 ba Flambeau du Centre n’umufana wabo vyamenyekanye

Abakinyi 3 ba Flambeau du Centre hamwe n’umufana wabo bafatiwe ibihano n’akanama kajejwe indero mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

Abo bakinyi ni Ndayishimiye Abdoul , Muryango Moussa hamwe na Sinzobakwira Ismail. Bose bahanishijwe kudasubira mu kibuga mw’ihiganwa rya Primus League ryo muri uno mwaka 2023-2024, hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana atatu umwe umwe ( 300.000Fb ).Ayo mafaranga umusi wanyuma wo kuyatanga ni igenekerezo rya 29 Ruhuhuma 2024, uwutazoyatanga iyo tariki mugihe atazoba yunguruje urubanza hagati y’igenekerezo rya 19 gushika kurya 24 Ruhuhuma Umwaka wa 2024 , azoca ahanwa kudasubira mu kibuga mu kiringo c’umwaka .

Umufana wa Flambeau du Centre nawe yahanywe ni Bigara Murisho nawe yagirijwe gutuka uwusanzwe arongoye igisata c’abahagarikizi mu Burundi nawe yahanywe kudasubira mu kibuga ubuzima bwiwe bwose .

Mwomenya ko abo bakinyi bafatiwe ibihano bitumwe n’uko inyuma y’urukino rw’indwi ya 20 rwa Primus League rwahuza imirwi ya Flambeau du Centre na Vital’o FC rwaheze birutse ku muhagarikizi Manirakiza Bertrand bagomba kumukubita ariko akaja gutabarwa n’abajejwe umutekano.

Ivyo bihano bihawe abo bakinyi n’uyo mufana,inyuma y’ivyaheruka gufatirwa Alain Olivier Niyungeko ( Mutombola) amenyereza Bumamuru Fc , nawe akaba yahanishijwe kutamenyereza uwo murwi inkino zishika kuri 4 hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana ane vy’amarundi ( 400.000fb ). Akaba yagirijwe gushaka gukubita umuhagarikizi w’urukino rw’indwi ya 18 rwahuje Bumamuru Fc na Vital’o Fc rwabereye muntara ya Cibitoke I Buganda igenekerezo rya 28 Nzero Umwaka wa 2024.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872