BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Gukora cane nico Miss Erica yakuye i Kigali

Aho yari kuri Live ya Instagram, Miss Erica yamenyesheje abanya Kigali ko nawe abakunda nkuko babandanya kumwereka urukundo bamukunda.

Muri ico gihe yavuze ko Urwanda rufise vyinshi rwamwigishije igihe yariko arahakorera, ubona yahamaze igihe kitari gito, hari na Label yamufashije isanzwe ikorera i Kigali.

Twabashije kumubaza ico yahigiye, yishura ko yahigiye gukora cane. Ngo yisanze mu baririmvyi bakora gose, nawe biba ngombwa ko abona ko gukora cane bifise akamaro.

Yabandanije avuga ko atawodeha ko uno musi umuziki nyarwanda wamaze gusiga cane umuziki ndundi, naho aho hambare abanyarwanda basuma umuziki hano iwacu.

Miss Erica muri ico kiyago yagiranye n’abakunzi biwe, ntiyaretse kuvuga ko aticaye ngo hari ibikorwa bitandukanye ariko arakora, igihe kigeze ngo muzobona ibintu biboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799