BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Habura umwanya Fortran akorane Collabo n’abarundi

Ikigezweho kuri Fortran Bigirimana n’indirimbo nshasha aheruka gushira ahabona yise Ni wewe. Iyo ndirimbo ikaba yanasohorewe amasanamu.

Mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru, Fortran yavuze ko hari abaririmvyi baririmba Gospel hano iwacu bakora neza, ariko abo gushigikira, akipfuza kuzokorana nabo.

Ikimuzibira ngo n’akanya, kugira ntibahave basanga bakoze ibintu igice, kuko amasanamu y’indirimbo muri kino gihe Ari nkenerwa cane.

Aramutse ashoboye gusubira Kandi kugaruka, ngo izo Collabo akaba azoca azikorana n’abo.

Mukibuka ko Fortran yaramaze igihe ataririmba akaririmbo mu rurimi rw’ikirundi, ariko ubu hakaba hari izitari nke ziriko zirasohoka ziri muri urwo rurimi kavukire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775