Entertainmenthomepagekirundimusic

Habuze gitabara hagati ya Ray Vanny na Harmonize

Harmonize na Rayvanny basubiranyemwo, muguterana amajambo bakoresheje imbuga zabo za Instagram, Ubu hoho bavuga n’akari i murore.

Mu ntambara y’amajambo iriko iranga abasore babiri bose baciye mu minwe ya Diamond Platnumz, hagarutsweko amafaranga bose batanze ngo babashe guhabwa uruhusha rwo kuva muri iyo Label.

Mu gihe bizwi ko Harmonize yarishe ayarenga Imiliyoni 600 z’amashilling ya Tanzania ngo abashe kuva muri Wasafi, Rayvanny we ngo yarishe umurengera nkuko yabishikirije.

Uwo musore n’ubu akivugana neza na Diamond Platnumz, Kandi bafise n’indirimbo bariko barakorana, ngo yarishe amafaranga angana n’Umuliyaridi n’imiliyoni 300 z’ama Tanzania ngo abashe gusohoka muri label ya WCB. Ayo akaba arenga ayo gato mu mafaranga y’amarundi.

Ayo mafaranga akaba yatangaje abatari bake kubera bavuga ko ari menshi cane, akaba abaye umuririmvyi wa mbere muri Tanzania yabashije kuriha ayo mafaranga muri ico gihugu.

Naho hatavuzwe ko yahejeje kuriha canke akiriko arariha amadeni yafashe nkuko Harmonize yabikoze, iyo mfura ya Diamond ivuga ko Rayvanny atarabasha guheza kuriha amafaranga yasabwe na Wasafi kugira bamuhe umwidegemvyo.

Ivyo bishikirijwe na Rayvanny bikaba bije bishimangira ivyaheruka gushikirizwa na Diamond Platnumz ubwiwe, aho yamenyesha ko Rayvanny ariwe yarishe amafaranga y’umurengera ugereranije n’ayo Harmonize yabashije kuriha kugira asezere muri Wasafi.

Iyo ntambara y’amajambo ntiyagarukiye ngaho gusa, kuko Harmonize yavuze ko uwo muririmvyi Rayvanny yamye agerageza kumwigana mu buryo bwose bushoboka, haba mu nkundo yaciyemwo, ku mazina, co kimwe no mu gushaka kuva muri iyo Label.

Iyo ntambara ikaba igarutse inyuma yaho Harmonize ashatse gufungisha Rayvanny, ico gihe Harmonize yagendana na Kajala, noneho Rayvanny agendana na Paula. Ico gihe bikaba vyavuzwe ko bashatse kumwitwarira kubera yasohokanye n’umwana.

Ubu rero bikaba bigoye kuvuga iyo bizoherera, naho Harmonize we ngo ico yashaka ari ukumenyekanisha Indirimbo yiwe nshasha igiye gusohoka, Iyo ndirimbo ikaba ari Indirimbo yakoranye na Ibra umwe mu basore basanzwe bari muri Label yiwe.

Naho Rayvanny asanzwe aterekwa ivy’uguterana amajambo, ibi bikaba ngo nawe vyamufashije gusubira Kandi kwibutsa abantu ko hariho igikorwa gishasha kiri mu nzira. Ico naco kikaba ari indirimbo yakoranye na Diamond Platnumz.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769