Entertainmenthomepagekirundi

Hagati ya DJ Paulin na Big Fizzo, hoba hari uwusubiza ubwenegihugu?

DJ Paulin yiswe umudimudimu akagirizwa KO atari Umurundi, isemo ryoba rigeze he ryo yakwa ubwo bwenegihugu bavuga ko afise adafitiye uburenganzira?

 

Ibintu birakaze, DJ Paulin habuze gato ngo bamusabire kwirukanwa mu gihugu.
Mu gihe DJ Paulin yaheruka kwanka kugira ico avuze ku vyashikirijwe na Big Fizzo ko uwo Mugabo [ DJ Paulin] afise akagaye n’agasuzuguro birenze, we yavuze ko agiye gutanguza intambara.
Mu gihe yari yitabiriye igiteramo yari yahamagawemwo, muri Gera Plazza Big Fizzo yagarutse Kuri Dj Paulin yiswe ko atari umurundi, kuko ata murundi asa uko we asa.
Uwo Muririmvyi akaba yasavye ko DJ Paulin yohagarika kwivanga muvy’abaririmvyi, eka mbere akanamusaba guhagarika guteranya abaririmvyi, ahubwo ngo ashaka gufasha, agafasha adacaguye. Nayo ngo ku kijanye n’uko yoba ari intambara, ngo ariteguye kuyirwana kuko azi amabanga menshi y’uwo mu DJ.
Uwo mu DJ akaba ataretse kugira nawe ico avuga kuko yahavuye yishura akoresheje urubuga rwa Instagram, ngo ” Bakore bagabanye amajambo” anongerako umugani wo mu gifaransa ngo :” Les Chiens aboient, la Caravane Passe.”

Y’aba Big Fizzo co kimwe na DJ Paulin bose barabishijweko vya muzinga n’abafana baba bariko barakurikiranira hafi Ibiba biriko biravugwa.
Big Fizzo yiswe umunyamacakubiri, Xenophobe, uwabishikirije atanga n’akarorero ko bitumvikana ari nka hamwe abirabure baba muri Canada babatse ubwenegihugu, bakavuga ko ata mu nya Canada w’umwirabure ahari. Uwo nawe akaba ari Boris Evrard mucowintore.
Uwundi akaba yasavye Big Fizzo ko yoraba akabana neza n’abandi, Ishari, uburyarya n’inzigo ngo ntaho bizobashikana. Bobona akaba yanagiriyeko avuga ko uwoheza yoheza neza, kuko bitumvikana uko umuririmvyi y’ama buri gihe agirana ikibazo n’abaririmvyi bashasha bariko barakundwa.
Simbizi wa Semavumba nawe nyene ntiyaretse kuvuga, kuko yibukije ko ingeso yo gutuka abaririmvyi canke kwandagaza abaririmvyi itazanywe na DJ Paulin, ahubwo ngo yatangujwe na Big Fizzo ubwiwe, biciye mu ndirimbo What’s my Name, Indirimbo yasohotse haraheze igihe, Indirimbo yavugishije abatari bake kubera amajambo y’ugutukana yarimwo.
DJ Paulin nawe nyene ntibamugeze umutwe, kuko hampande ya Big Fizzo, Umwe mu baririmvyi ba hano iwacu ariko babarizwa muri Canada yavuze ko uwo Mugabo nawe yise umudimudimu ngo akwiye kwirukanwa.
Gushika ubu ntiharamenyekana ico bapfa, ariko ikimaze kuboneka co n’uko umwe yafashe ivyo uwundi yarekuye, Kandi anashobora ivyo abandi batashitseko, noneho intambara iba irarose.
Amakuru dufise nuko Big Fizzo ari mu baririmvyi bagendera aho hambere hahise Club ya DJ Paulin iyo nayo ni Cristal, ariko kuvaho bibonekeye ko Drama T, Double Jay na Kirikou bavuye muri Bantu Bwoy basigaye bunze ubucuti na DJ Paulin, haciye hatangura intambara.
Drama T co kimwe na Double Jay bakaba aribo baririmvyi biboneka ko bashobora guhungabanya isoko Big Fizzo yarafise ku mugabane wa Buraya, kuko batanguye gutumirwa mu biteramo Kuri uwo mugabane, mu gihe Big Fizzo ariwe yahora atwara iryo soko mu baririmvyi b’abarundi.
Hampande yo kumutwara isoko ry’i Buraya, abo baririmvyi bashasha ni bamwe mu basubije hasi isoko ry’ibiteramo yaramaranye imyaka itari mike mu gihugu kibanyi c’Urwanda, eka mbere n’isoko ry’ama Collabo kuko uwashaka kwinjira kw’isoko ry’umuziki hano iwacu, inzira yashoboka yari imwe, Big Fizzo, ariko ubu abana yareze nibo bariko baraba inzira y’abaririmvyi b’abanyarwanda kwinjira hano iwacu.
Ibi bigaca bituma rero uwo Mugabo DJ Paulin acuditse n’abo Bantu bariko baramutwara intebe y’ubwami, ako bakoze kose kaba gahanda Kuri Big Fizzo. Uburorero bukaba butabuze, bumwe akaba ari nk’igihe c’ivuzwa ry’indirimbo nyinshi z’abarundi, igihe ca Parfaim ku baririmvyi, n’ibindi vyinshi.
Hampande y’ukwo kumutwara amasoko I Burayi no mu Rwanda kw’abo bana yareze, DJ Paulin ariko Akora ibintu bitarakorwa na Bantu Bwoy, birimwo gutwara abaririmvyi mu biteramo mu mahanga, kuko bishobora kuba bitaborohera kubikora bo, canke boba batabishaka, kuko babona ko hataragera, kuko na CEO nawe nyene ubwiwe hariho imigabane imwe imwe bagiye gukorerako, ashobora kuba atarabasha nawe gukorerako.
Nayo uwuriko arima amaragamo DJ Paulin kubera ubwenegihugu bw’uburundi, bivugwa ko butamusa kuko urukoba rwiwe rudasa n’urw’abarundi, asanzwe afise ubwenegihugu bw’ubufaransa, Kandi nawe adafise urukoba rusa n’urwa Emmanuel Macron. Ubwo bwenegihugu akaba yaburonse Kubera ubugeni yakoze n’umufaransakazi bavyaranye umwana w’umukobwa yitwa Ziya, ubumuha uburenganzira bwo Kuja I Buraya nk’uwusimbira mu gikoni, ari navyo vyamuhaye akaryo kataronse bose ko Kuza araja i burayi mu biteramo bitamugoye.
Ubu rero tukibaza nimba azohava Akora nka wa Mugani w’abarundi ngo Umwera uva I Bukuru ugakwira hose, noneho akabanza agasubiza Passport y’abafaransa kugira abone gutosora ikigiga Kiri mu Jisho rya mugenziwe iryiwe ryera de.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753