BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hagati ya Sat-b na Big Fizzo hashobora kuba hasubiriye gusha

Biragoye gutora ikiriko kirakinwa hagati ya Big Fizzo na Sat-b kuko wokwibaza ko icuka coba kitari ciza muri ino misi, ivyo tukabivuga twisunzi ivy’umwanditsi wa Gacugere aheruka gushikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram, aho abamukurikirana bariko bamubaza ibibazo, noneho bakamubaza kuri Big Fizzo.

Kuri urwo rubuga Uwo muririmvyi yabajijwe ico yovuga kuri Big Fizzo, noneho aratwenga gusa ntiyabasha kugira irindi jambo na rimwe ashikiriza kuri uwo muririmvyi akaba n’umwanditsi w’indrimbo Ubusa.

Umwe mu bamukurikirana akaba kandi yavuze ko bipfuza Collabo hagati yiwe na Big Fizzo, uwo muririmvyi akaba ico yabashije kwishura ari ugushirako agashusho mu kinyamazuru bita Emoji k’imifuko irimwo amafaranga y’ama Dollard ya Amerika.

Ivyo bikaba bishitse inyuma yaho habonekeye ama ScreenShoot y’ama Statut yabo ya Whatsapp  aho basa n’abariko baterana amajambo. Ariko Sat-b we akaba yaheruka kwerekana ko ivyo yagirizwa kuba yaranditse ngo sivyo na gato.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775