BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hakumva ivyo Sat-B yavuze, babonye ibindi

Indirimbo nshasha ya Sat-b iri mu nzira, naho hataramenyekana izina ry’iyo ndirimbo, canke igihe iyo ndirimbo izoshirirwa ahabona.

 

Uwo muririmvyi kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 4/1 akaba yasangije abamukurikirana abarenga 300,000 kuri Facebook n’abarenga 180,000 kuri Instagram, ishusho arikumwe n’abandi bantu 3, Aho yavuze ngo abantu bitege igikorwa gishasha.

 

Uwo muririmvyi akaba atatevye kugira ico abwirwa n’abafana, aho bamwe bakoze ama analyse kuri iyo Foto ha kuraba ivyo yavuze.

Ikiri mw’i pantalon kivyimvye cateje uruhagarara, kuri iyo Foto, abantu hari ababajije icarico.

Abandi nabo bakaba bamubwiye ko yoba yiganye umuntu, aho bavuze ko ukwihana kuvuna. Naho bamwagirije, ntiyigeze bavuga uwo yiganye uwariwe.

Abandi bakaba bamusavye ahubwo kubanza gu crea kuvugwa cane kugira bikunde iyo ndirimbo izokurikiranwe cane. Uwabimuhanuye akaba ariko yavuze ko naho atobikora ngo isohotse azoba uwa mbere kuja kuyiraba.

Abandi nabo bakaba bavuze ko bibaza ko yoba ari Indirimbo Love me back. Iyi ndirimbo ikaba iguma isabwa n’abafana batari bake, kuva ku ndirimbo yindi yaheruka gusohora.

Abandi bakaba bo batagize vyinshi bavuga bashize muri Commentaire ama Emoji y’imuriro, abandi y’imitima n’utundi.

Naho hataramenyekana neza ryari iyo ndirimbo izosohokera, canke izina ry’ayo masanamu, ikinyamakuru Akeza canditse kuri iyo ndirimbo, kikaba cashikirije ko iyo ndirimbo izosohoka mu ndwi iza.

Iyo ndirimbo ikaba izoba ije isanga uruhererekane rwiwe ruheruka gusohoka, izoba isanze Kandi amasanamu y’indirimbo Ishari yaheruka gushira ahabona, ikaba imaze igihe kingana n’imisi 13, nayo views ikaba igeze kuri 80,000

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775