BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hamenyekanye impamvu Shaddy Boo ataje I Burundi

Shaddy boo ngo yanse kuza I Bujumbura kubera ukutumvikana kwabaye hagati yiwe na bumwe mu bushikiranganji bw’Urwanda.

Inyuma y’ibihuha ko atakije I Bujumbura mu giteramo yari yatumiwemwo, hamenyekanye impamvu nyezina yamuteye kudashika I Burundi.

Biciye mw’itangazo ikigo Sky Events gitunganya imanza zitandukanye cashize ahabona, camenyesheje ko ukutaboneka kwa Shadia I Bujumbura bivuye ku kutumvikana kwabaye hagati yiwe n’ubushikiranganji bw’imicokama mu Rwanda.

 

 

View this post on Instagram

 

A post shared by King Yann Cool (@kingyacool) on


Ayo makuru akaba atanzwe mu gihe uno musi ariho haza kuba ico gikorwa, naho abagiteguye bemeza ko uretse Shaddy Boo ibindi vyose bitunganijwe neza.

Shaddy boo akaba aretse kuza inyuma y’igihe abandi 2 nabo banse kuza I Bujumbura kubera imvo zitabashije kumenyekana.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe hari abatari bake baterekwa uburyo yitwara, bamwe bakabona ko ari ugutesha agaciro umuco nyarwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775