BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hamenyekanye ivy’indirimbo yasabwe hagati ya Mb Data na Sat-b

Mu kiyago na Indundi Tv, Mb Data yavuze ku ndirimbo igize igihe isabwa n’abakunzi b’umuziki wiwe aho bahora basaba ko yokorana indirimbo n’umuririmvyi Sat-b.

Muri ico kiyago na Alan The Real yavuze ko ivy’indirimbo yiwe na Sat-b ngo ni ibintu vyo kwicarirwa bikigirwa muri management ya MA, asanzwe abarizwamwo. Abajijwe ko ari ukubirenzako amaso kandi babibona, yishuye ko babifise ku muzikanyi, ariko ngo ibintu vyose bikorwa igihe cavyo.

“Ku kijanye na Collabo, ivyo n’ukwicara bikayagwa na MA,…., Bon tuvyumva ku matwi,…., biri mubafana cane kandi ivyo bipfuza turabizi ku mutima,….., oya siyo siri kandi ikintu cose ni mw’ibanga, kandi ikintu iyo kibaye ibanga kiza kimeze neza.”

Ivyo bikaba bisabwa n’abakunzi b’umuziki wiwe buri gihe uwo muririmvyi agize ico asohora, noneho Sat-b akabasha gufasha kumenyekanisha ico gikorwa, akoresheje imbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi abarizwa muri management Sat-b yatanguriyemwo. Muriyo akaba yarafashwe mu mugongo cane naba Mugisha, harimwo umumenyeshamakuru Landry Mugisha hamwe n’uwo muhinyanyuzi Mugisha Amir.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775