East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepageMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Hamissa Mobeto yagirijwe kwiba umugabo w’abandi

Hamissa Mobeto yagirizwa kuba umugabo w’abandi, nayo we akaba yahavuye amwerekana nk’umukunzi wiwe mushasha inyuma y’igihe yaramunyegeje.

Inyuma y’ugutandukana na Diamond, naho bagendanye mu kinyegero, Hamiss Mobeto yafatanye n’abahungu batari bake barimwo n’abari ha migana eitandukanye na Africa.

Uwo mwigeme yavyaranye na Diamond Platnumz yashize ahabona umusore bagize igihe basohokana, naho bamwe batavyeretswe kuko babona ko yakoze amakosa, ngo yari kubandanya abinyegeje nkuko yaragize igihe abikora. Amashusho yabo akaba yafashwe bari ku kizinga ca Zanzibar aho bariko bararyoherwa, muri imwe mu ma hotel akomeye muri ico gice c’igihugu ca Tanzania.

Naho Biruko, ikinyamakuru Ghafla co muri Kenya gifise ishami rikorera muri Tanzania kivuga ko uwo mukobwa ngo yoba yatanguye kwiyamwa n’uwundi mwigeme nawe avuga ko Hamiss yoba yamwivye umugabo. Uwo akavuga ko uwo muhungu agize igihe asohokana nawe ngo ari umugabo wiwe.

Mwokwibuka ko Hamissa yigeze kuvuga ko azogira ubugeni na Diamond, ariko biza kumenyekana ko ari ububeshi aho yagirizwa uburozi na Diamond. Ivyo bikaba vyamenyekanye inyuma yaho humvikaniye ama Audio ngo yoba yarungikiraniye n’umurozi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723